Ejo bundi hari umuhungu bari bimye ubugeni bamuhoye ubusage afise ku mutwe 🙁
Vyasavye ko abumwa kugira amutahukane 💇🏾♂️
Nivyo ko uwushaka inka aryama nka zo, ariko none ubwo rimwe na rimwe ntiduhohotera abantu kubera tutize kwakira ivyo bakunda na cane cane ko bataturengeye akarimbi ? 🤔
😏 Nk’ubu haje umukenyezi ashoboye guteza imbere ishirahamwe womwima akazi kubera yambaye inyerere ?
😉 Kandi ga si uguta akaranga abakurambere baragira ubusage bakambara n’inyerere...
🎙 Reka tubiyage kugira hagumeho ugushira n’ukwizana mu gihugu.
#YagaPodcast #Tahura #AgatekaKaZinaMuntu