Listen

Description

Soma Luka 22: 14-30 hama wiyumvire ku bijanye n’ibigumbagumba Yesu yagize  aho yumviye abigishwa biwe bariko baraharira, igihe bariko bafungura, ku bijanye  n’umuntu wo muri bo akwiye gufatwa ko ari we mukuru kuruta abandi bose (Luka 22:  24). Mbega ni kubera iki abo bigishwa bataye inzira mur’ivyo bihe vyari bihambaye  maze bagatumbereza ivyiyumviro vyabo ku bukuru bwa kimuntu buruta ubundi?

___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________

Mbega ni kubera iki kuguma duhanze amaso yacu kuri Yesu igihe yari ku  musaraba bikwiye kutubera umuti ukomeye cane wo kuvura indwara yo kwipfuza  kwishira hejuru ubwacu, iyo na yo, nk’abantu twaguye mu caha, twebwe twese twama  twaguye mu vyara vyayo?