Listen

Description

Soma Luka 12: 13-21. Niwerekane ikibazo cashizwe ahabona mur’uyo mugani wa  Yesu. Mbega gutegekaniriza kazoza, ni kwerekana inarije no kutitwararika ivy’ubwami  bw’Imana? Nimba atariko biri, canke nimiburiburi bidakenewe, none ni ibiki Yesu  ariko atugabishako?

___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________

Niwiyumvire ku bikorwa vyerekana inarije mu buzima bwawe. Mbega ni gute inarije igira ubwaku bubi ku migenderanire yacu n’Imana, n’abo twubakanye hamwe  n’imiryango yacu, n’umuryango wacu w’ishengero, n’ababanyi bacu hamwe  n’abasangirakivi bacu ku kazi? Mbega ni ikihe kintu nyamukuru tubona mu cete c’Ab’i  Filipi 2: 5-8?

___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________

Mbega ni kubera iki vyoroshe kugwa mu mutego wo kwipfuza ubutunzi  n’amaronko? N’ubwo twese dukenera amahera manaka kugira ngo tubeho, mbega ni  kubera iki bisa n’uko, uko twoba dutunze amahera angana gute kwose, ariko na ntaryo  tuguma dushaka n’ayandi menshi?