Soma Luka 12: 13-21. Niwerekane ikibazo cashizwe ahabona mur’uyo mugani wa Yesu. Mbega gutegekaniriza kazoza, ni kwerekana inarije no kutitwararika ivy’ubwami bw’Imana? Nimba atariko biri, canke nimiburiburi bidakenewe, none ni ibiki Yesu ariko atugabishako?
___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________
Niwiyumvire ku bikorwa vyerekana inarije mu buzima bwawe. Mbega ni gute inarije igira ubwaku bubi ku migenderanire yacu n’Imana, n’abo twubakanye hamwe n’imiryango yacu, n’umuryango wacu w’ishengero, n’ababanyi bacu hamwe n’abasangirakivi bacu ku kazi? Mbega ni ikihe kintu nyamukuru tubona mu cete c’Ab’i Filipi 2: 5-8?
___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________
Mbega ni kubera iki vyoroshe kugwa mu mutego wo kwipfuza ubutunzi n’amaronko? N’ubwo twese dukenera amahera manaka kugira ngo tubeho, mbega ni kubera iki bisa n’uko, uko twoba dutunze amahera angana gute kwose, ariko na ntaryo tuguma dushaka n’ayandi menshi?