Kirya kimuga carurukijwe hasi gushika imbere ya Yesu, maze amaso yose baca bayahanga kuri Yesu. Mbega yari kwubahuka gukiza uwo muntu vyagaragara ko ari umunyavyaha? Mbega yari kwubahuka gusohora ijambo ryo kwiyamiriza iyo ndwara?
Mbega Yesu yavyifashemwo gute kugira ngo akiza ico kimuga? Mbega ni ikihe kintu ca mbere Yesu yamukoreye? Soma Mariko 2: 5-12.
___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________
Mbega ni gute dushobora kuronka uburuhukiro n’amahoro, mbere n’ubwo amasengesho yacu yo gusaba gukira atishuwe, nimiburiburi ubu nyene?