Inyuma y’aho Dawidi amariye kwicuza ku caha ciwe atarinze kurondera kucigovyorako canke ngo agihakane, yaciye aramiriza gushikiriza Imana igisabo. Mbega ni igiki yasavye Imana? Soma Zaburi 51: 7-12.
___________________________________________________________________________ _____________________
Igihe Adamu na Eva bakora icaha, baciye binyegeza Imana (Itanguriro 3: 8). Mbega ni kubera iki mwiyumvira ko igisabo ca Dawidi, mbere n’inyuma y’aho akoreye kirya caha, gitandukanye cane? Soma Zaburi 51: 11, 12.
___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________
Iyo utaba urashikwako n’umunezero hamwe n’ivyishimo biterwa no kubohorwa agatimatare k’ikosa, mbega ni igiki kikugumiza inyuma yavyo? Nimba ari ikosa, mbega ni igiki ushobora kwigira kur’iyi nkuru gishobora kugufasha?