podcast
details
.com
Print
Share
Look for any podcast host, guest or anyone
Search
Showing episodes and shows of
Ishure Ryisabato
Shows
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatatu, 17 Myandagaro 2021 GUHUNGA
.
2021-08-17
15 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa kabiri, 16 Myandagaro 2021 UMUTI WO KUMUZI
Kirya kimuga carurukijwe hasi gushika imbere ya Yesu, maze amaso yose baca bayahanga kuri Yesu. Mbega yari kwubahuka gukiza uwo muntu vyagaragara ko ari umunyavyaha? Mbega yari kwubahuka gusohora ijambo ryo kwiyamiriza iyo ndwara? Mbega Yesu yavyifashemwo gute kugira ngo akiza ico kimuga? Mbega ni ikihe kintu ca mbere Yesu yamukoreye? Soma Mariko 2: 5-12. ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Mbega ni gute dushobora kuronka uburuhukiro n’amahoro, mbere n’ubwo amasengesho yacu yo gusaba gukira atishuwe, nimiburiburi ubu nyene?
2021-08-16
06 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa mbere, 15 Myandagaro 2021 IKIRUHUKO KIZANA GUKIRA INDWARA
Soma Mariko 2: 1-4. Mbega ni igiki cariko kiba ngaha? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Iyo umuntu afashwe n’idwara, si vyiza gutangura kumwagiriza amakosa. Mur’ico gihe nyene, mbega ni kubera iki gutahura imvo y’iyo ndwara, mu bihe bimwe bimwe, ari intambwe ihambaye yerekeza ku gukira no kugusubirana amagara meza?
2021-08-15
08 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Kw’Isabato ku mugoroba, 14 Myandagaro(August) 2021 -UBURENGANZIRA BWO KURUHUKA
IBISOMWA VY’ICIGWA CA RINO YINGA AHO BIBONEKA: Mariko 2:1–12; 1 Abami 18 ; 1 Abami 19:1–8 ; Matayo 5:1–3 ; Yesaya 53:4–6 ; 2 Abami 2:11. UMURONGO WO GUFATA KU MUTWE: “Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikingira ubugingo bwanje, ni nde azonca ivutu ? » (Zaburi 27 : 1). *Nimwige icigwa ca rino yinga kugira ngo mwitegurire Isabato, yo kw’igenekerezo rya 21 Myandagaro 2021.
2021-08-14
11 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatandatu, 13 Myandagaro 2021 IBINDI VYO KWIGA NO KUZIRIKANA
« Nk’uko Yosefu yagurishijwe ku bapagani na benewabo, ni na ko na Kristo yagurishijwe ku bansi biwe ruhebwa n’umwe wo mu bigishwa biwe. Yosefu yagirijwe ibinyoma maze atererwa mw’ibohero kubera ingeso nziza yiwe ; uko ni ko na Kristo yasuzuguwe kandi ariyamirizwa bivanye n’ubuzima bwiwe bw’ubugororotsi, kandi bwo kwiyanka bwanka icaha urunuka ; kandi n’ubwo atagira icaha na kimwe muri we, yahavuye acirirwa urubanza rushingiye ku vyagirije vy’ivyabona vy’ibinyoma. Kandi ukwihangana no kwiyorosha vya Yosefu munsi y’akarenganyo n’agatotezo yagiriwe, ukuntu yari yiteguye kugirira ikigongwe bimuvuye ku mutima ba...
2021-08-13
12 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatanu, 12 Myandagaro 2021 KURONKA UBURUHUKIRO BW’UMUTIMA UMAZE KUGIRIRWA IKIGONGWE
Soma Itanguriro 50: 15-21. Mbega ni igiki cari kiraje ishinga abo benewabo na Yosefu, kandi ni kubera iki categerezwa kubashishikaza cane? Mbega ubwo bwoba bwari bubabwiye iki ubwabo? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________ Soma Itanguriro 50: 20. Mbega ni gute uyu murongo udufasha gusobanura, ni miburiburi mu buryo buciriritse, ibijanye n’ubugombe bwa Yosefu bwo gutanga ikigongwe ku caha benewabo bamukoreye? ___________________________________________________________________________ ___________________________________ Iyi nkuru ya Yosefu irangira neza. Mbega twifata gute iyo iherezo ry’inkuru ridashimishije ? Canke, mbega umuntu yovuga ko (muri kazoza ka kure, nk’uko biri) uravye iherezo ry’icaha n’...
2021-08-13
14 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa kane, 11 Myandagaro 2021 KUBISHIRA MU NGIRO
Mbega ni igiki Luka 6: 28 na Matayo 5: 44 hatwigisha ku bijanye n’ukuntu dukwiye kwifata imbere y’abadukomerekeje? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Mbega ni inde ushaka kugirira ikigongwe – atari ku bugombe bw’uwo muntu, ariko ari ku bwawe bwite?
2021-08-12
17 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatatu, 10 Myandagaro 2021 KUGIRA IKIGONGWE NO KWIBAGIRA ?
Mbega kubabarira abandi bitumarira iki ? Raba Matayo 18 : 21-35. ___________________________________________________________________________ __________________________________________________________________________ Buri caha cose, nk’uko biri, aba ari icaha ku Mana n’Umuremyi ; Vyongeye kandi, muri Yesu, turashobora kwishuza ico kigongwe kur’ivyo vyaha vyose, atari kubera ko tugikwiriye – ntitugikwiriye – ariko ari kubera gusa ubuntu bw’Imana itugirira. Iyo tumaze gutahura neza ukwo kuri kweranda, iyo dushobora guhindura ico kigongwe icacu bwite, iyo dushobora guhindura ubwacu izo mbabazi z’Imana zikaba izacu bwite, niho tuba dushobora kwirengagiza no kugirira ikigongwe abandi. Ntitugira ikigongwe ni uko abo bandi bagikwiri...
2021-08-10
12 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa kabiri, 09 Myandagaro 2021 GUSHIRAHO URUGERO -IDONGOZI YOKWIGA BIBILIYA YABAKUZE
Mbega ni igiki Yosefu yumvise ariko yirenganira? Soma Itanguriro 42: 21-24. None ni igiki yaciye yigira kuri abo benewabo ? Soma Itanguriro 45 : 1-15. Mbega ibi bitubwira iki mu bijanye n’ukuntu Yosefu yiyumvamwo kuri abo benewebo no ku kigongwe yari yarabagiriye ? Mbega ni ibihe vyigwa dukwiye gukura mur’iyi nkuru ubwacu ?
2021-08-09
19 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa kabiri, 05 Mukakaro 2021 BIRANDUKIRANA
Soma Guharura 12: 1-3. Mbega ni igiki Miriyamu na Aroni barwanije? ___________________________________________________________________________ _________________ Mbega Imana yishuye gute kur’iyo myidogo? Soma Guharura 12: 4-13. Mbega mwiyumvira ko ari kubera iki Imana yishuye muri ubwo buryo bukomeye? ___________________________________________________________________________ ____________________________ N’ubwo vyama na ntaryo vyoroshe kunegura ubuyobozi bw’ishengero, ku rwego urwo ari rwo rwose, mbega ni gute ishengero ryacu n’ubuzima bwacu bw’ivya Mpwemu vyari kuba vyiza cane iyo, mu kibanza co kwidoga, ahubwo twari gufata umw
2021-08-09
15 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa mbere, 08 Myandagaro 2021 GUHANGANA NA KAHISE -INDONGOZI YO KWIGA BIBILIYA Y’ABAKUZE
Soma uko vyagenze aho Yosefu abonaniye na benewabo ku ncuro ya mbere mw’Itanguriro 42: 7-20. Mbega ni kubera iki yacuze urya mugambi? Mbega ni igiki Yosefu yariko arondera gukora aho babonaniye kur’iyo ncuro ya mbere? Mbega ni ayihe mategeko amwe amwe yo muri Bibiliya mukeneye gukurikiza ku ngorane iyo ari yo yose ijanye n’imigenderanire yo mu muryango mwoba muriko muracamwo?
2021-08-09
11 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Kw’Isabato ku Mugoroba -07 Myandagaro 2021 -Indongozi Yokwiga Bibiliya Yabakuze -Ishure Ryisabato
IBISOMWA VY’ICIGWA CA RINO YINGA AHO BIBONEKA: Itanguriro 42:7–20, Matayo 25:41–46, Itanguriro 42:21–24, Itanguriro 45:1–15, Luka 23:34, Itanguriro 50:15– 21. UMURONGO WO GUFATA KU MUTWE: “None ntimubabare ngo mwirakire kuko mwanguze ngashōrwa ino: kukw’Imana ari yo yatumye mbitangira imbere ngo mbe kirokora” (Itanguriro 45: 5).
2021-08-07
08 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa kane, 21 Mukakaro 2021 IKINTU GISHASHA -INDONGOZI YOKWIGA BIBILIYA
Inyuma y’aho Dawidi amariye kwicuza ku caha ciwe atarinze kurondera kucigovyorako canke ngo agihakane, yaciye aramiriza gushikiriza Imana igisabo. Mbega ni igiki yasavye Imana? Soma Zaburi 51: 7-12. ____________________________________________________________ Igihe Adamu na Eva bakora icaha, baciye binyegeza Imana (Itanguriro 3: 8). Mbega ni kubera iki mwiyumvira ko igisabo ca Dawidi, mbere n’inyuma y’aho akoreye kirya caha, gitandukanye cane? Soma Zaburi 51: 11, 12. __________________________________________________________________________ Iyo utaba urashikwako n’umunezero hamwe n’ivyishimo biterwa no kubohorwa agatimatare k’ikosa, mbega ni igiki kikugumiza inyuma yavyo? Nimba ari ikosa, m...
2021-07-21
10 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa kane, 21 Mukakaro 2021 IKINTU GISHASHA
Inyuma y’aho Dawidi amariye kwicuza ku caha ciwe atarinze kurondera kucigovyorako canke ngo agihakane, yaciye aramiriza gushikiriza Imana igisabo. Mbega ni igiki yasavye Imana? Soma Zaburi 51: 7-12. ___________________________________________________________________________ _____________________ Igihe Adamu na Eva bakora icaha, baciye binyegeza Imana (Itanguriro 3: 8). Mbega ni kubera iki mwiyumvira ko igisabo ca Dawidi, mbere n’inyuma y’aho akoreye kirya caha, gitandukanye cane? Soma Zaburi 51: 11, 12. ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Iyo utaba urashikwako n’umunezero hamwe n’ivyishimo biterwa no kubohorwa agatimatare k’ikosa, mbega ni igiki kikugumiza inyuma yavyo? Nimba ari ikosa, mbega ni igiki ushobora kwi...
2021-07-21
10 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatatu, 20 Mukakaro 2021 ICAHA CABABARIWE KANDI CIBAGIRANYWE? -ICIGWA CA 4 17 – 23 MUKAKARO 2021 IKIGUZI C’IKIRUHUKO -
Mbega bishaka kuvuga iki kubona ko Imana yari yakuyeho icaha ca Dawidi? Mbega kwabaye nko guhanagura ikibaho kigasigara gitunganye? Mbega ni umuntu wese yopfa kucibagirwa gutyo gusa? Soma 2 Samweli 12: 10-23 mu gihe mwiga kur’ivyo bibazo. ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Mbega ni ibiki Dawidi yiyumvisemwo ko akeneye mu vy’ukuri? Mbega ni ibiki yari akumbuye ? Soma Zaburi 51 : 1-6. ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Nimba Imana yarababariye Dawidi ku vyo yakoze, mbega ni ibihe vyizigiro biri ngaho, mur’ico gihe, kuri wewe ?
2021-07-20
04 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatandatu, 16 Mukakaro 2021 IBINDI VYO KWIGA NO KUZIRIKANA
IBINDI VYO KWIGA NO KUZIRIKANA “Ntihashobora kubaho ivyo gukora canke kuroranirwa kw’ubuzima bwenera ku narije. Iyo wamaze kwakira Kristo nk’Umukiza wawe bwite, utegerezwa guca wiyibagira wewe ubwawe, maze ukarondera gufasha abandi. Usigara uvuga ivy’urukundo rwa Kristo, ukavuga ivy’ubugororotsi bwiwe. Usigara ukora igikorwa ciseruye ubwaco. Niwikorere imitwaro y’abandi bantu mu mutima wawe, kandi ukoresheje uburyo bwose ushobora kuronka, rondera gukiza abazimiye. Iyo umaze kuronka Mpwemu wa Kristo – Mpwemu w’urukundo rutarimwo inarije n’iyo gukorera abandi – mur’ico gihe uca ukura maze ukama ivyamwa. Ubuntu bwa Mpwemu buca bukomerera...
2021-07-16
08 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatanu, 15 Mukakaro 2021 KURANDURANA N’IMIZI IVYO KUBURA UBURUHUKIRO
Soma Yohana 14: 1-6. Mu gihe tuba twabuze uburuhukuro twebwe ubwacu, mbega ni igiki dushobora gukora kugira ngo imitima yacu ntigire uruhagarara? Mbega ni icahe kintu nyamukuru cotuma tunesha ivyo kwirema ibice, inarije, ivyo guhahamira ibintu, ubudyadya, hama mu vy’ukuri tukaronka ikiruhuko? ___________________________________________________________________________ _________________________________________________________ Soma Yeremiya 3: 21. Mbega ni igiki Imana idusaba gukora, kandi muri uwo mwanya nyene, ni igiki izokora kugira ngo itwishure? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Nimwiyumvire kuri aya majambo ya Yesu: “Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw’aho ndi namwe abe ari ho muba” (Yohana 14: 3). None ibi...
2021-07-15
15 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa kane, 14 Mukakaro 2021 UBURYARYA
Soma Matayo 23: 1-13 hama ugire urutonde rw’ibintu bine nyamukuru biranga irya ndyadya yavuzwe na Yesu: ___________________________________________________________________________ ___________ Mbega ni kubera iki atari ngombwa ko urinda kuba umuyobozi w’idini kugira ngo ubone kugwa mw’ikosa ry’ubudyadya nka burya Yesu yiyamirije ngaha? Mbega ni gute dushobora kubona ubwoko bw’uburyarya nk’ubwo nyene muri twebwe ubwacu ko bwoba bubaho, kandi ni gute dushobora kuburwanya?
2021-07-14
14 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatatu, 13 Mukakaro 2021 GUHAHAMIRA IBINTU
Soma Luka 22: 14-30 hama wiyumvire ku bijanye n’ibigumbagumba Yesu yagize aho yumviye abigishwa biwe bariko baraharira, igihe bariko bafungura, ku bijanye n’umuntu wo muri bo akwiye gufatwa ko ari we mukuru kuruta abandi bose (Luka 22: 24). Mbega ni kubera iki abo bigishwa bataye inzira mur’ivyo bihe vyari bihambaye maze bagatumbereza ivyiyumviro vyabo ku bukuru bwa kimuntu buruta ubundi? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Mbega ni kubera iki kuguma duhanze amaso yacu kuri Yesu igihe yari ku musaraba bikwiye kutubera umuti ukomeye cane wo kuvura indwara yo kwipfuza kwishira hejuru ubwacu, iyo na yo, nk...
2021-07-13
09 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa kabiri, 12 Mukakaro 2021 INARIJE
Soma Luka 12: 13-21. Niwerekane ikibazo cashizwe ahabona mur’uyo mugani wa Yesu. Mbega gutegekaniriza kazoza, ni kwerekana inarije no kutitwararika ivy’ubwami bw’Imana? Nimba atariko biri, canke nimiburiburi bidakenewe, none ni ibiki Yesu ariko atugabishako? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Niwiyumvire ku bikorwa vyerekana inarije mu buzima bwawe. Mbega ni gute inarije igira ubwaku bubi ku migenderanire yacu n’Imana, n’abo twubakanye hamwe n’imiryango yacu, n’umuryango wacu w’ishengero, n’ababanyi bacu hamwe n’abasangirakivi bacu ku kazi? Mbega ni ikihe kintu nyamukuru tubona mu cete c’Ab’i Filipi 2: 5-8?
2021-07-12
08 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa mbere, 11 Mukakaro 2021 YESU YAZANYE KWIREMA IBICE
Soma Matayo 10: 34-39. Mbega Yesu yashaka kuvuga iki aho yavuga ko atazanywe no gushiraho amahoro ariko ko yazanye inkota? None ivyo bishaka kuvuga iki, ufatiye ku kuntu Yesu ari “Umwami w’amahoro” (Yesaya 9: 6)? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Rimwe na rimwe birashika ugasanga duhatiwe kwikorera umusaraba tutihitiyemwo ubwacu, ahandi na ho ugasanga twihitiyemwo kwikorera umusaraba tuvyigombeye twebwe ubwacu. Rero uburyo ubwo ari bwo bwose tuwikoreyemwo, mbega ni ikihe kintu nyamukuru kidutera kwikorera umusaraba mu bwizigirwa?
2021-07-11
10 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatandatu, 09 Mukakaro 2021 IVYO KWIGA NO KUZIRIKANA
“Noneho ubu vyasa n’aho bihanye ivyaha vyabo babikuye ku mutima ; ariko bahavuye bagira agahinda gatewe n’ingaruka y’ubuzima bwabo bwarangwamwo ikibi aho guterwa no kudashima kwabo hamwe no kutumvira kwabo. Aho baboneye ko Uhoraho adahesha ku ngingo yiwe, ubugombe bwabo burangwamwo n’inarije bwaciye bwongera kuzukuruka, maze bamenyekanisha ko batazongera gusubira mu bugaragwa. Mu kubategeka kuzibukira gato igihugu c’abansi babo, Imana yashaka gusuzuma umwifato wabo waboneka nk’aho umengo bihanye koko maze isanga ko bitari ivy’ukuri koko. Bari basanzwe bazi ko bacumuye mu buryo bwimbitse igihe bemera kuganzwa n’ivyipfuzo vyab...
2021-07-09
16 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatanu, le 08 Mukakaro 2021 UKWIZERA GUKURAHO UGUKEKERANYA
Mbega ni ibihe bintu vyashikiye Abisirayeli igihe bariko bayerera mu bugaragwa mubona bisa cane n’ibiriko bishikira abantu b’Imana bo mu misi ibanziriza ukugaruka kwa Yesu ? (raba 1 Ab’i Korinto 10 : 1-11). ___________________________________________________________________________ _____________________________________________________ Mbega Abisirayeli bifashe gute imbere y’igihano Imana yabahaye mu Guharura 14 : 39-45 ? ________________________ Niwiyumvire igihe wakoreshejwe no kwizera n’ikindi gihe wakoreshejwe n’ugukekeranya. Ni irihe tandukaniro rikomeye ryabonetse ?
2021-07-08
13 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
UMUSERUKIZI -Ku wa kane, 07 Mukakaro 2021 -Indongozi Yokwiga Bibiliya Yabakuze(Ishure Ryisabato)
Mbega ni ayihe mahigwe Imana yahaye Mose imbere y’uwo mugumuko ? Soma Guharura 14 : 11, 12. ___________________________________________________________________________ Mbega Mose yifashe gute imbere y’ubwo bugumutsi, butari butumberejwe gusa kuri we ariko kandi bwari butumberejwe no ku Mana ubwayo ? (Guharura 14 : 13-19) ? ___________________________________________________________________________ Mbega ni ibihe vyigwa bikomeye cane mwize bijanye n’ingaruka z’ivyaha vyababariwe ?
2021-07-07
15 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Ku wa gatatu, 06 Mukakaro 2021 KUBURA UBURUHUKIRO BISHIKANA KU BUGUMUTSI
Soma ivy’ico cegeranyo c’abo batasi mu Guharura 13 : 27-33. Mbega ni kuruhe rugero ivyo Abisirayeli bari biteze vyabaye ibindi ? ___________________________________________________________________________ Soma Guharura 14 : 1-10. Mbega ni igiki cakurikiye ? ___________________________________________________________________________ « Barya batasi batari abizigirwa bahise bifatira mu gahanga Kalebu na Yosuwa, maze amajwi aca araduga ngo babatere amabuye. Abo bantu bari bamaze kumera nk’abasazi baciye bafata amatopito yabo ngo bayakoreshe mu gutera amabuye abo bagabo b’abizigirwa. Baciye bitera imbere n’amajwi y’agashavu kenshi, mu gihe bukwi na bukwi, amabuye bari batoye yaciye...
2021-07-07
15 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
Impagarara Mubugararwa-Amigisho Yoshure Ryisabato Mu Kirundi- July 4
IBISOMWA VY’ICIGWA CA RINO YINGA AHO BIBONEKA: Guharura 11:1–33, Guharura 12:1–13, Guharura 13:27–33, Guharura14:1–23, 1 Ab’i Korinto 10:1–11, Guhaurra 14:39–45.
2021-07-04
15 min
Ishure Ryisabato Mu Kirundi
ICIGWA CA KABIRI 03 – 09 MUKAKARO 2021 KUBURA IKIRUHUKO NO KUGUMUKA Kw’Isabato ku mugoroba, 03 Mukakaro 2021
IBISOMWA VY’ICIGWA CA RINO YINGA AHO BIBONEKA: Guharura 11:1–33, Guharura 12:1–13, Guharura 13:27–33, Guharura14:1–23, 1 Ab’i Korinto 10:1–11, Guhaurra 14:39–45. UMURONGO WO GUFATA KU MUTWE: “Arikw’ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebwe, abashikwako n’amaherezo y’ibihe” (1 Ab’i Korinto 10:11). Soma Guharura 11: 1-15. Mbega ni ibiki Abisirayeli bariko bidodombera? ___________________________________________________________________________ __________________________________________________________________________ None ni gute Imana yishuye kur’iyo myidogo yose? Soma Guharura 11: 16-33. ___________________________________________________________________________ Mbega ni kubera iki vyoroshe cane kwibuka ko akahise kari keza kuruta uko kari kameze mu vy’ukuri?
2021-07-03
15 min