Look for any podcast host, guest or anyone
Showing episodes and shows of

Ishure Ryisabato

Shows

Ishure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatatu, 17 Myandagaro 2021 GUHUNGA.2021-08-1715 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa kabiri, 16 Myandagaro 2021 UMUTI WO KUMUZIKirya kimuga carurukijwe hasi gushika imbere ya Yesu, maze amaso yose baca  bayahanga kuri Yesu. Mbega yari kwubahuka gukiza uwo muntu vyagaragara ko ari  umunyavyaha? Mbega yari kwubahuka gusohora ijambo ryo kwiyamiriza iyo ndwara? Mbega Yesu yavyifashemwo gute kugira ngo akiza ico kimuga? Mbega ni ikihe  kintu ca mbere Yesu yamukoreye? Soma Mariko 2: 5-12. ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Mbega ni gute dushobora kuronka uburuhukiro n’amahoro, mbere n’ubwo  amasengesho yacu yo gusaba gukira atishuwe, nimiburiburi ubu nyene?2021-08-1606 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa mbere, 15 Myandagaro 2021 IKIRUHUKO KIZANA GUKIRA INDWARA Soma Mariko 2: 1-4. Mbega ni igiki cariko kiba ngaha? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Iyo umuntu afashwe n’idwara, si vyiza gutangura kumwagiriza amakosa. Mur’ico  gihe nyene, mbega ni kubera iki gutahura imvo y’iyo ndwara, mu bihe bimwe bimwe,  ari intambwe ihambaye yerekeza ku gukira no kugusubirana amagara meza?2021-08-1508 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKw’Isabato ku mugoroba, 14 Myandagaro(August) 2021 -UBURENGANZIRA BWO KURUHUKAIBISOMWA VY’ICIGWA CA RINO YINGA AHO BIBONEKA: Mariko 2:1–12; 1  Abami 18 ; 1 Abami 19:1–8 ; Matayo 5:1–3 ; Yesaya 53:4–6 ; 2 Abami 2:11. UMURONGO WO GUFATA KU MUTWE: “Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza  kanje: nzotinya nde? Uhoraho ni we gihome gikingira ubugingo bwanje, ni nde azonca  ivutu ? » (Zaburi 27 : 1). *Nimwige icigwa ca rino yinga kugira ngo mwitegurire Isabato, yo kw’igenekerezo rya  21 Myandagaro 2021.2021-08-1411 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatandatu, 13 Myandagaro 2021 IBINDI VYO KWIGA NO KUZIRIKANA« Nk’uko Yosefu yagurishijwe ku bapagani na benewabo, ni na ko na Kristo  yagurishijwe ku bansi biwe ruhebwa n’umwe wo mu bigishwa biwe. Yosefu yagirijwe  ibinyoma maze atererwa mw’ibohero kubera ingeso nziza yiwe ; uko ni ko na Kristo  yasuzuguwe kandi ariyamirizwa bivanye n’ubuzima bwiwe bw’ubugororotsi, kandi bwo  kwiyanka bwanka icaha urunuka ; kandi n’ubwo atagira icaha na kimwe muri we, yahavuye  acirirwa urubanza rushingiye ku vyagirije vy’ivyabona vy’ibinyoma. Kandi ukwihangana no kwiyorosha vya Yosefu munsi y’akarenganyo n’agatotezo yagiriwe, ukuntu yari yiteguye  kugirira ikigongwe bimuvuye ku mutima ba...2021-08-1312 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatanu, 12 Myandagaro 2021 KURONKA UBURUHUKIRO BW’UMUTIMA UMAZE KUGIRIRWA IKIGONGWESoma Itanguriro 50: 15-21. Mbega ni igiki cari kiraje ishinga abo benewabo na  Yosefu, kandi ni kubera iki categerezwa kubashishikaza cane? Mbega ubwo bwoba  bwari bubabwiye iki ubwabo? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________ Soma Itanguriro 50: 20. Mbega ni gute uyu murongo udufasha gusobanura, ni  miburiburi mu buryo buciriritse, ibijanye n’ubugombe bwa Yosefu bwo gutanga  ikigongwe ku caha benewabo bamukoreye? ___________________________________________________________________________ ___________________________________ Iyi nkuru ya Yosefu irangira neza. Mbega twifata gute iyo iherezo ry’inkuru  ridashimishije ? Canke, mbega umuntu yovuga ko (muri kazoza ka kure, nk’uko biri)  uravye iherezo ry’icaha n’...2021-08-1314 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa kane, 11 Myandagaro 2021 KUBISHIRA MU NGIROMbega ni igiki Luka 6: 28 na Matayo 5: 44 hatwigisha ku bijanye n’ukuntu  dukwiye kwifata imbere y’abadukomerekeje? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Mbega ni inde ushaka kugirira ikigongwe – atari ku bugombe bw’uwo muntu,  ariko ari ku bwawe bwite?2021-08-1217 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatatu, 10 Myandagaro 2021 KUGIRA IKIGONGWE NO KWIBAGIRA ?Mbega kubabarira abandi bitumarira iki ? Raba Matayo 18 : 21-35. ___________________________________________________________________________ __________________________________________________________________________ Buri caha cose, nk’uko biri, aba ari icaha ku Mana n’Umuremyi ; Vyongeye kandi, muri  Yesu, turashobora kwishuza ico kigongwe kur’ivyo vyaha vyose, atari kubera ko tugikwiriye  – ntitugikwiriye – ariko ari kubera gusa ubuntu bw’Imana itugirira. Iyo tumaze gutahura neza  ukwo kuri kweranda, iyo dushobora guhindura ico kigongwe icacu bwite, iyo dushobora  guhindura ubwacu izo mbabazi z’Imana zikaba izacu bwite, niho tuba dushobora  kwirengagiza no kugirira ikigongwe abandi. Ntitugira ikigongwe ni uko abo bandi  bagikwiri...2021-08-1012 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa kabiri, 09 Myandagaro 2021 GUSHIRAHO URUGERO -IDONGOZI YOKWIGA BIBILIYA YABAKUZEMbega ni igiki Yosefu yumvise ariko yirenganira? Soma Itanguriro 42: 21-24.  None ni igiki yaciye yigira kuri abo benewabo ? Soma Itanguriro 45 : 1-15. Mbega ibi bitubwira iki mu bijanye n’ukuntu Yosefu  yiyumvamwo kuri abo benewebo no ku kigongwe yari yarabagiriye ? Mbega ni ibihe  vyigwa dukwiye gukura mur’iyi nkuru ubwacu ?2021-08-0919 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa kabiri, 05 Mukakaro 2021 BIRANDUKIRANASoma Guharura 12: 1-3. Mbega ni igiki Miriyamu na Aroni barwanije? ___________________________________________________________________________ _________________ Mbega Imana yishuye gute kur’iyo myidogo? Soma Guharura 12: 4-13. Mbega  mwiyumvira ko ari kubera iki Imana yishuye muri ubwo buryo bukomeye? ___________________________________________________________________________ ____________________________ N’ubwo vyama na ntaryo vyoroshe kunegura ubuyobozi bw’ishengero, ku rwego  urwo ari rwo rwose, mbega ni gute ishengero ryacu n’ubuzima bwacu bw’ivya Mpwemu  vyari kuba vyiza cane iyo, mu kibanza co kwidoga, ahubwo twari gufata umw2021-08-0915 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa mbere, 08 Myandagaro 2021 GUHANGANA NA KAHISE -INDONGOZI YO KWIGA BIBILIYA Y’ABAKUZESoma uko vyagenze aho Yosefu abonaniye na benewabo ku ncuro ya mbere  mw’Itanguriro 42: 7-20. Mbega ni kubera iki yacuze urya mugambi? Mbega ni igiki  Yosefu yariko arondera gukora aho babonaniye kur’iyo ncuro ya mbere? Mbega ni ayihe mategeko amwe amwe yo muri Bibiliya mukeneye gukurikiza ku  ngorane iyo ari yo yose ijanye n’imigenderanire yo mu muryango mwoba muriko  muracamwo?2021-08-0911 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKw’Isabato ku Mugoroba -07 Myandagaro 2021 -Indongozi Yokwiga Bibiliya Yabakuze -Ishure RyisabatoIBISOMWA VY’ICIGWA CA RINO YINGA AHO BIBONEKA: Itanguriro 42:7–20,  Matayo 25:41–46, Itanguriro 42:21–24, Itanguriro 45:1–15, Luka 23:34, Itanguriro 50:15– 21. UMURONGO WO GUFATA KU MUTWE: “None ntimubabare ngo mwirakire kuko  mwanguze ngashōrwa ino: kukw’Imana ari yo yatumye mbitangira imbere ngo mbe  kirokora” (Itanguriro 45: 5).2021-08-0708 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa kane, 21 Mukakaro 2021 IKINTU GISHASHA -INDONGOZI YOKWIGA BIBILIYAInyuma y’aho Dawidi amariye kwicuza ku caha ciwe atarinze kurondera  kucigovyorako canke ngo agihakane, yaciye aramiriza gushikiriza Imana igisabo.  Mbega ni igiki yasavye Imana? Soma Zaburi 51: 7-12. ____________________________________________________________ Igihe Adamu na Eva bakora icaha, baciye binyegeza Imana (Itanguriro 3: 8).  Mbega ni kubera iki mwiyumvira ko igisabo ca Dawidi, mbere n’inyuma y’aho akoreye  kirya caha, gitandukanye cane? Soma Zaburi 51: 11, 12. __________________________________________________________________________ Iyo utaba urashikwako n’umunezero hamwe n’ivyishimo biterwa no kubohorwa  agatimatare k’ikosa, mbega ni igiki kikugumiza inyuma yavyo? Nimba ari ikosa, m...2021-07-2110 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa kane, 21 Mukakaro 2021 IKINTU GISHASHAInyuma y’aho Dawidi amariye kwicuza ku caha ciwe atarinze kurondera  kucigovyorako canke ngo agihakane, yaciye aramiriza gushikiriza Imana igisabo.  Mbega ni igiki yasavye Imana? Soma Zaburi 51: 7-12. ___________________________________________________________________________ _____________________ Igihe Adamu na Eva bakora icaha, baciye binyegeza Imana (Itanguriro 3: 8).  Mbega ni kubera iki mwiyumvira ko igisabo ca Dawidi, mbere n’inyuma y’aho akoreye  kirya caha, gitandukanye cane? Soma Zaburi 51: 11, 12. ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Iyo utaba urashikwako n’umunezero hamwe n’ivyishimo biterwa no kubohorwa  agatimatare k’ikosa, mbega ni igiki kikugumiza inyuma yavyo? Nimba ari ikosa, mbega  ni igiki ushobora kwi...2021-07-2110 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatatu, 20 Mukakaro 2021 ICAHA CABABARIWE KANDI CIBAGIRANYWE? -ICIGWA CA 4 17 – 23 MUKAKARO 2021 IKIGUZI C’IKIRUHUKO -Mbega bishaka kuvuga iki kubona ko Imana yari yakuyeho icaha ca Dawidi? Mbega kwabaye nko guhanagura ikibaho kigasigara gitunganye? Mbega ni umuntu  wese yopfa kucibagirwa gutyo gusa? Soma 2 Samweli 12: 10-23 mu gihe mwiga kur’ivyo  bibazo. ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Mbega ni ibiki Dawidi yiyumvisemwo ko akeneye mu vy’ukuri? Mbega ni ibiki  yari akumbuye ? Soma Zaburi 51 : 1-6. ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Nimba Imana yarababariye Dawidi ku vyo yakoze, mbega ni ibihe vyizigiro biri  ngaho, mur’ico gihe, kuri wewe ?2021-07-2004 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatandatu, 16 Mukakaro 2021 IBINDI VYO KWIGA NO KUZIRIKANAIBINDI VYO KWIGA NO KUZIRIKANA “Ntihashobora kubaho ivyo gukora canke kuroranirwa kw’ubuzima bwenera ku narije.  Iyo wamaze kwakira Kristo nk’Umukiza wawe bwite, utegerezwa guca wiyibagira wewe  ubwawe, maze ukarondera gufasha abandi. Usigara uvuga ivy’urukundo rwa Kristo, ukavuga  ivy’ubugororotsi bwiwe. Usigara ukora igikorwa ciseruye ubwaco. Niwikorere imitwaro  y’abandi bantu mu mutima wawe, kandi ukoresheje uburyo bwose ushobora kuronka, rondera  gukiza abazimiye. Iyo umaze kuronka Mpwemu wa Kristo – Mpwemu w’urukundo  rutarimwo inarije n’iyo gukorera abandi – mur’ico gihe uca ukura maze ukama ivyamwa.  Ubuntu bwa Mpwemu buca bukomerera...2021-07-1608 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatanu, 15 Mukakaro 2021 KURANDURANA N’IMIZI IVYO KUBURA UBURUHUKIROSoma Yohana 14: 1-6. Mu gihe tuba twabuze uburuhukuro twebwe ubwacu, mbega  ni igiki dushobora gukora kugira ngo imitima yacu ntigire uruhagarara? Mbega ni  icahe kintu nyamukuru cotuma tunesha ivyo kwirema ibice, inarije, ivyo guhahamira  ibintu, ubudyadya, hama mu vy’ukuri tukaronka ikiruhuko? ___________________________________________________________________________ _________________________________________________________ Soma Yeremiya 3: 21. Mbega ni igiki Imana idusaba gukora, kandi muri uwo  mwanya nyene, ni igiki izokora kugira ngo itwishure? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Nimwiyumvire kuri aya majambo ya Yesu: “Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu,  nzogaruka kubajana i wanje, ngw’aho ndi namwe abe ari ho muba” (Yohana 14: 3).  None ibi...2021-07-1515 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa kane, 14 Mukakaro 2021 UBURYARYASoma Matayo 23: 1-13 hama ugire urutonde rw’ibintu bine nyamukuru biranga  irya ndyadya yavuzwe na Yesu: ___________________________________________________________________________ ___________ Mbega ni kubera iki atari ngombwa ko urinda kuba umuyobozi w’idini kugira ngo  ubone kugwa mw’ikosa ry’ubudyadya nka burya Yesu yiyamirije ngaha? Mbega ni gute  dushobora kubona ubwoko bw’uburyarya nk’ubwo nyene muri twebwe ubwacu ko  bwoba bubaho, kandi ni gute dushobora kuburwanya?2021-07-1414 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatatu, 13 Mukakaro 2021 GUHAHAMIRA IBINTUSoma Luka 22: 14-30 hama wiyumvire ku bijanye n’ibigumbagumba Yesu yagize  aho yumviye abigishwa biwe bariko baraharira, igihe bariko bafungura, ku bijanye  n’umuntu wo muri bo akwiye gufatwa ko ari we mukuru kuruta abandi bose (Luka 22:  24). Mbega ni kubera iki abo bigishwa bataye inzira mur’ivyo bihe vyari bihambaye  maze bagatumbereza ivyiyumviro vyabo ku bukuru bwa kimuntu buruta ubundi? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Mbega ni kubera iki kuguma duhanze amaso yacu kuri Yesu igihe yari ku  musaraba bikwiye kutubera umuti ukomeye cane wo kuvura indwara yo kwipfuza  kwishira hejuru ubwacu, iyo na yo, nk...2021-07-1309 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa kabiri, 12 Mukakaro 2021 INARIJESoma Luka 12: 13-21. Niwerekane ikibazo cashizwe ahabona mur’uyo mugani wa  Yesu. Mbega gutegekaniriza kazoza, ni kwerekana inarije no kutitwararika ivy’ubwami  bw’Imana? Nimba atariko biri, canke nimiburiburi bidakenewe, none ni ibiki Yesu  ariko atugabishako? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Niwiyumvire ku bikorwa vyerekana inarije mu buzima bwawe. Mbega ni gute inarije igira ubwaku bubi ku migenderanire yacu n’Imana, n’abo twubakanye hamwe  n’imiryango yacu, n’umuryango wacu w’ishengero, n’ababanyi bacu hamwe  n’abasangirakivi bacu ku kazi? Mbega ni ikihe kintu nyamukuru tubona mu cete c’Ab’i  Filipi 2: 5-8?2021-07-1208 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa mbere, 11 Mukakaro 2021 YESU YAZANYE KWIREMA IBICESoma Matayo 10: 34-39. Mbega Yesu yashaka kuvuga iki aho yavuga ko atazanywe  no gushiraho amahoro ariko ko yazanye inkota? None ivyo bishaka kuvuga iki, ufatiye  ku kuntu Yesu ari “Umwami w’amahoro” (Yesaya 9: 6)? ___________________________________________________________________________ ___________________________________________________________________________ Rimwe na rimwe birashika ugasanga duhatiwe kwikorera umusaraba  tutihitiyemwo ubwacu, ahandi na ho ugasanga twihitiyemwo kwikorera umusaraba  tuvyigombeye twebwe ubwacu. Rero uburyo ubwo ari bwo bwose tuwikoreyemwo,  mbega ni ikihe kintu nyamukuru kidutera kwikorera umusaraba mu bwizigirwa?2021-07-1110 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatandatu, 09 Mukakaro 2021 IVYO KWIGA NO KUZIRIKANA“Noneho ubu vyasa n’aho bihanye ivyaha vyabo babikuye ku mutima ; ariko bahavuye  bagira agahinda gatewe n’ingaruka y’ubuzima bwabo bwarangwamwo ikibi aho guterwa no  kudashima kwabo hamwe no kutumvira kwabo. Aho baboneye ko Uhoraho adahesha ku  ngingo yiwe, ubugombe bwabo burangwamwo n’inarije bwaciye bwongera kuzukuruka, maze  bamenyekanisha ko batazongera gusubira mu bugaragwa. Mu kubategeka kuzibukira gato  igihugu c’abansi babo, Imana yashaka gusuzuma umwifato wabo waboneka nk’aho umengo  bihanye koko maze isanga ko bitari ivy’ukuri koko. Bari basanzwe bazi ko bacumuye mu  buryo bwimbitse igihe bemera kuganzwa n’ivyipfuzo vyab...2021-07-0916 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatanu, le 08 Mukakaro 2021 UKWIZERA GUKURAHO UGUKEKERANYAMbega ni ibihe bintu vyashikiye Abisirayeli igihe bariko bayerera mu bugaragwa  mubona bisa cane n’ibiriko bishikira abantu b’Imana bo mu misi ibanziriza ukugaruka  kwa Yesu ? (raba 1 Ab’i Korinto 10 : 1-11). ___________________________________________________________________________ _____________________________________________________ Mbega Abisirayeli bifashe gute imbere y’igihano Imana yabahaye mu Guharura  14 : 39-45 ? ________________________ Niwiyumvire igihe wakoreshejwe no kwizera n’ikindi gihe wakoreshejwe  n’ugukekeranya. Ni irihe tandukaniro rikomeye ryabonetse ?2021-07-0813 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiUMUSERUKIZI -Ku wa kane, 07 Mukakaro 2021 -Indongozi Yokwiga Bibiliya Yabakuze(Ishure Ryisabato)Mbega ni ayihe mahigwe Imana yahaye Mose imbere y’uwo mugumuko ? Soma  Guharura 14 : 11, 12. ___________________________________________________________________________ Mbega Mose yifashe gute imbere y’ubwo bugumutsi, butari butumberejwe gusa  kuri we ariko kandi bwari butumberejwe no ku Mana ubwayo ? (Guharura 14 : 13-19) ? ___________________________________________________________________________ Mbega ni ibihe vyigwa bikomeye cane mwize bijanye n’ingaruka z’ivyaha  vyababariwe ?2021-07-0715 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiKu wa gatatu, 06 Mukakaro 2021 KUBURA UBURUHUKIRO BISHIKANA KU BUGUMUTSISoma ivy’ico cegeranyo c’abo batasi mu Guharura 13 : 27-33. Mbega ni kuruhe  rugero ivyo Abisirayeli bari biteze vyabaye ibindi ? ___________________________________________________________________________ Soma Guharura 14 : 1-10. Mbega ni igiki cakurikiye ? ___________________________________________________________________________ « Barya batasi batari abizigirwa bahise bifatira mu gahanga Kalebu na Yosuwa, maze  amajwi aca araduga ngo babatere amabuye. Abo bantu bari bamaze kumera nk’abasazi baciye  bafata amatopito yabo ngo bayakoreshe mu gutera amabuye abo bagabo b’abizigirwa.  Baciye bitera imbere n’amajwi y’agashavu kenshi, mu gihe bukwi na bukwi, amabuye bari  batoye yaciye...2021-07-0715 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiImpagarara Mubugararwa-Amigisho Yoshure Ryisabato Mu Kirundi- July 4IBISOMWA VY’ICIGWA CA RINO YINGA AHO BIBONEKA: Guharura 11:1–33,  Guharura 12:1–13, Guharura 13:27–33, Guharura14:1–23, 1 Ab’i Korinto 10:1–11,  Guhaurra 14:39–45.2021-07-0415 minIshure Ryisabato Mu KirundiIshure Ryisabato Mu KirundiICIGWA CA KABIRI 03 – 09 MUKAKARO 2021 KUBURA IKIRUHUKO NO KUGUMUKA Kw’Isabato ku mugoroba, 03 Mukakaro 2021IBISOMWA VY’ICIGWA CA RINO YINGA AHO BIBONEKA: Guharura 11:1–33,  Guharura 12:1–13, Guharura 13:27–33, Guharura14:1–23, 1 Ab’i Korinto 10:1–11,  Guhaurra 14:39–45. UMURONGO WO GUFATA KU MUTWE: “Arikw’ivyo vyababayeko kugira ngo  bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebwe, abashikwako n’amaherezo  y’ibihe” (1 Ab’i Korinto 10:11). Soma Guharura 11: 1-15. Mbega ni ibiki Abisirayeli bariko bidodombera? ___________________________________________________________________________ __________________________________________________________________________ None ni gute Imana yishuye kur’iyo myidogo yose? Soma Guharura 11: 16-33. ___________________________________________________________________________ Mbega ni kubera iki vyoroshe cane kwibuka ko akahise kari keza kuruta uko kari  kameze mu vy’ukuri?2021-07-0315 min